Wednesday 12 décembre 2018
Wednesday 21 Āzar 1397
Wednesday 3 Rabi' al-thani 1440

Umuryango wa Polycarpe NINTERETSE uba kuri MUTANGA SUD wifatikanije n'imiryango ya RUSUKU Ildephonse wi KANINDI i TEZA, n'uwa BARUSASIYEKO Gervais uba i TARA mw'IRANGO, uri n'umubabaro mwinshi wo kumenyesha urupfu giturumbuka rw'umushingantahe Polycarpe NINTERETSE rwabaye kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 30 nzero umwaka wa 2018.

Habikiwe aba bakurikira :

  • Umuryango wa KURURU Simon
  • KAYIRANGA Jean Chrysostome
  • HASABUMUTIMA Bertin akora muri Ecobank i Bujumbura
  • Umuryango wa NTUKAMAZINA Bernard uba i Gitega
  • Abo bakoranye muri Kaminuza y'Uburundi
  • Incuti n'abagenzi ziba mu Bukeye, mw'Irango, i Muramvya, i Bujumbura, n'ahandi

Amaziko azoba ku munsi wa Gatanu igenekerezo rya kabiri Ruhuhuma mw'itongo ry'abapfuye ku Mpanda inyuma y'imisa izobera kuri Paroisse MUTIMA w'ubwitonzi iri kuri Mutanga Sud (Aho bita kwa Patiri NTABONA) isaha zitatu mu gitondo. Gusezera umuhisi bizoba isaha imwe n'inusu ku bitaro bitiriye umwamu Khaled mu KAMENGE.

Umuryango ukaba ubaye urabashimira ku kigoro muzogira mukwifatikanya nawo mur'uwo mubabaro.

COMMUNIQUES DE DECES

Décès de Polycarpe NINTERETSE
joomla guide
loader